Share

cover art for Urubanza rwa Rafaeli Lomoro, yasize abana umunani!

Kuberiki

Urubanza rwa Rafaeli Lomoro, yasize abana umunani!

Muri episode y’uyu musi tuza kwumviriza urubanza rwumugabo yitwa Rafaeli Lomoro. Uyu Rafaeli yaba mu Bufaransa, yakoze ubuzi bwinshi mu buzima bwiwe gushika umusi umwe aho akazi kiwe kahagaze. Mu mahera bamutekereye yaciye afata ingigo yo gucuruza vanille, akayirimisha muri Madagascar, akayishora mu bihugu bitandukanye. Mu mwaka w’i2006, yarabuzwe irengero ryiwe, aranyika, umuryango wiwe nta nkuru nimwe warufise. Inyamiramabi zatanguye kwiyumvira ko yoba yiciwe muri Madagascar kubera urudandazwa rwiwe yakora, ariko uku amatohoza yagenda arigira imbere, niko inyamiramabi zabona ko abicanyi ataho batari ashobora kuba yagitiye ingorane mu Bufaransa.

More episodes

View all episodes

  • Urubanza rwa Maureen, uyu mukobwa w'imwaka 19 yishwe azibaguwe imbugita 62!

    44:49|
    Maureen Jacquier yari umwana w’umukobwa yarafise imyaka 19, ariko naho yarakiri muto yaramaze kuronka urupapuro rumuha uburengazira bwo kuba umumecanicien w’indege. Nico kintu yakunda mu buzima bwiwe, ariko indoto ziwe zarahagaze italiki 27 fevrier 2015, umusi yiciweko mu ga studio kiwe mu muji wa Toulouse. Uyu mwana w’umukobwa bamusanze muhira iwe yapfuye, bamuzibaguye imbugita 62, ikiziga ciwe kirambaraye mu kiziba c’amaraso iruhande y’igitanda ciwe. Yagandaguwe bunyamaswa, ariko ntivyumvikana ingene uwamwishe yinjiye mu nzu yiwe kuko nta dirisha canke umuryango wabomowe. Nico gituma abakora amatohoza baguma bibaza : uyu mwicanyi yarazi Maureen, yinjiye gute ? Inyishu n’ingene vyagenze muri episode yuyu musi.
  • 2. Urubanza rwa Laetitia Delecluse, bamwishe nk'imbwa!

    43:50||Season 1, Ep. 2
    Umusi umwe Laetitia abagenzi biwe baramutelefonye keshi baramubura. Niho baca batangura kwibaza iyari. Laetitia yari umuvyi y'utwana tubiri. Ntiyigeze asubira kuboneka ari muzima. None vyagenze gute?